Iganza

Insiguro:

  • 1 month ago By Akanyaburunga

    Rikomoka mu rivuga kuganza. Ni ico kiringo gihera abami bakurakuranwa kuganza igihugu, kuva kuri Ntare kugeza kuri Mwambutsa. Aho iganza rya mbere rikaba riraheze. Mu Burundi, abatohoji bamwe bavuga ko hoba habaye amaganza abiri kuva Uburundi bubaho ( aba bavuga ko Uburundi bwagize abami 9). Hari abandi bavuga ko habaye amaganza 4 n'irya gatanu ryari ritanguye ( ariho havugwa ko habaye abami 17). Nkako, Mwambutsa bangiricenge bamwita kandi Mwambutsa wa kane ( Mwambutsa IV). Vyumvikana ko hoba harabaye abambutsa bagera kuri bane; amaganza ane.

    Injira kugira utore.

    0