Izina ry'ukwezi kwa cumi na kabiri rivuye mu rivuga “Kugaramanga”. Bakwita “ukwezi kw’inka”. Muri ukwo kwezi inka zirisha umuyonga waturiwe muri Nyakanga. Inka zikarisha zigahaga, zigashoka. Zihodotse bakazijana kuvyagira ku nama, zikagaramanga, amapfizi akirirwa arivuga.
Ni kwo kwezi kw’umuganuro. Abantu baba baguwe neza bagaramanga mu mihana iwabo bamerewe neza. Benshi baba banezerewe n’uko bagire barangize umwaka bakomeye.
Injira kugira utore.
0