Mukakaro

Insiguro:

  • 1 month ago By Akanyaburunga

    Iryo zina rivuye mu rivuga “Gukakara”. Uku nakwo ni ukwezi kwo mu ci hagati na hagati. Izuba riba rimena agahanga mbere n’isi igakakarara ikata imigaga. N’ivyatsi biba bikakaraye. Nta muntu aba asohora isuka yo kurima kireste mu mwonga.

    Uku kwezi ni kwo bashwaburamwo ibiharage, amasaka, ubwishaza n’ingano. Ivyo bisanzwe ari ibiterwa bikunda gusarurwa vyumye, bidakundana n’imvura. Ibikorwa vyinshi vyakorerwa ku muhana.

    Injira kugira utore.

    0