Ni ukwêzi kw'icumi na rimwe, bakunze kukwita Munyonyo inyonyora ingamba z’ibiharage. Ni ukwezi usanga ingamba z’ibiharage zaravye hagaca hagwa imvura izinyonyora bikarabuka. Abandi bavuga ko iryo zina rikomoka mu rivuga “Kunyonyagira”.
Ni igihe imvura iba itararwira rwose, iriko iratonyanga ariko kunyonyagira. Imvura iba iriko iratonyangira mu mirima ico bita “kunywesha imirima”. Abandi bo babona ko rikomoka mu kunyonyera kuko ari ho imirima ishobora “kunyonyera” ( kumererwa nabi kubera imvura).
Injira kugira utore.
1