Nyaburunga ni izina ry'umuntu. Uwo muntu rero yoba yatwara agace kitwa Uburundi, aho hari imbere y’uko Ntare Rushatsi Cambarantama aza guhuza uduce twinshi twari dukikije ako gatoya kitwa Uburundi. Ubo burundi bwagabwa n’uwitwa Nyaburunga ari naho babwita uburundi bwa nyaburunga. Ubwo bwari bukikijwe n’ubundi buce bugize Burundi bw’ubu, bukaba bwatwara intara kama y’Ubututsi, Umugamba, hamwe n’igice ca Kirimiro. Ivyo biti hwe! Hariho Nyaburunga nawe, mwene akanyaburunga, nawe ni wewe, ni jewe eka ni uwo wese arajwe ishinga no kumva izina ry’ Uburundi rirangwa mumakungu.
Injira kugira utore.
0