Nyakanga

Insiguro:

  • 1 month ago By Akanyaburunga

    Ni ukwezi kw'icenda. Ni kwo baturiramwo imiyonga. Inka zagishe zaba zitanguye kugishuka. Zimwe zaza zavyaye abana baheruka kera, akanga k’amata, bagaca basubira bakabombeka umutima.

    Aho niho abantu baca batangura gutera ibigori n’ibindi biterwa vy’umutasuro. Bakwita kandi Nyakanga kangaza imbwa. Muri ukwo kwezi haba izuba ryinshi n’inzara kuko ivyo baba barejeje mu kwezi kw’indwi n’ukw’umunani baba barabimaze, bakwita kandi Karangazagisabo.

    Injira kugira utore.

    0