NI ukwezi kwa gatandatu. Uku nakwo kwarangwa n’umuyaga mwinshi (ariho bahitiriye ngo umuyaga w’impeshi) n’igikonyozi kivanze n’imbeho nyinshi. Ni muri ukwo kwezi ici ryatangura. Haba hari udukorwa twinshi ; barima bihuta ngo imirima nticikirirwe ngo yume.
Ni muri ukwo kwezi bakamiririzamwo ibijumbu bizera muri Kigarama. Ico gihe kubera ibintu uyo muyaga uzana wasanga ari igihe abantu bafatwa n’indwara zo mu mutwe baba benshi ndetse n’imbwa zisara zikaba nyinshi.
Injira kugira utore.
0