Ruhuhúma

Insiguro:

  • 1 month ago By Akanyaburunga

    Ukwezi tubabwira uno musi ni Ruhuhuma, kaze tukuganireko. Ni ukwezi kugira kabiri mu mwaka. Muri ukwo kwezi, imvura iba yamaze kugwira mw-ijuru. Iba igwa cane ikabuza abantu gusohoka. Yarashobora kwirizako. Bakunda kuvuga ngo ukwo kwezi ni “Ruhuhuma ruhuhuma imvura n’imituragaro”.

    Iryo zina rivuye mu rivuga “Guhuhuma”. Muri ukwo kwezi, ikirere caba cahindutse, maze bigatera indwara abantu. Abatama bo ugasanga barakorora, mu kuvuga bagahuhuma. Uko kwezi baca bakwita Ruhuhuma. Bakwita kandi “Kabozambuto.”

    Injira kugira utore.

    0