Rusama

Insiguro:

  • 1 month ago By Akanyaburunga

    Ni ukwezi kwa gatanu. Ukwo kwezi, ni kwo imvura yacikamwo. Haba havuga imituragaro n’imvura igwa ihwehura idafashe. Bakwita Rusama rusama imvura n’imituragaro.

    Muri Rusama, warashobora kuba uri ku mutumba wo hakuno ukanyagirwa ugatota ariko uri hakurya atuma inkungugu. Rusama bakwita kandi Rwirabura, kuko kwari ukwezi igihugu caboneramwo amakuba atari make. Bagufata nk’ukwezi kw’imikoshi : ntawubaka inzu canke ngo yimuke muri Rwirabura ; eka mbere nta n’uwashinga umuryango.

    Aha tugeze hari gishasha uriga muri iyi nkomoko y'amezi mu Kirundi? Twandikire aha musi.

    Injira kugira utore.

    0